Kubera iki Kenya ukwitwa incuti idasanzwe ya US itari muri OTAN/NATO ari kirumara ku mutekano w’akarere? - BBC News Gahuza (2024)

Kubera iki Kenya ukwitwa incuti idasanzwe ya US itari muri OTAN/NATO ari kirumara ku mutekano w’akarere? - BBC News Gahuza (1)

Ahavuye isanamu, EPA

Ibiranga iyi nkuru
  • Umwanditsi, Beverly Ochieng
  • Igikorwa, BBC Monitoring, Nairobi

Igenwa rya Kenya nk’incuti idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika itari muri rwa rurani rwo kwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy’Uburengero OTAN/NATO, biyidugiriza uruhara rwayo mu bijanye n’umutekano ku rwego rw’akarere no ku rwego mpuzamakungu, mu gihe ingabo 1.000 z’igipolisi cayo ziriko zitegura guhangana n’imirwi yitwaje ibirwanisho igeramiye umugwa mukuru wa Haiti, Port-au-Prince.

Vyatangajwe igihe umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yari mu rugendo rw’imbonekarimwe muri Amerika mu ntumbero yo kuvugana na Perezida Joe Biden ku vyerekeye irungikwa ry’aba bapolisi ririndiranywe igishika muri iki gihugu c’akarere ka Karayibe (Caraïbes/Caribbean) hamwe n’ibindi bibazo vyerekeye ibi bihugu vyompi.

Kenya ibaye igihugu kigize kane gish*tse kuri uru rwego, kikaba n’ica mbere mu bihugu vya Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara, ibi bigashimangira ijunja rya Kenya nk’imwe mu ncuti za hafi cane za Amerika.

Amerika yemereye Kenya imiriyoni 200 z’amadorari muri ubu butumwa bwa ONU muri Haiti burongowe n’iki gihugu ca Afrika y’Ubuseruko cagiriwe icizere gishingiye kuri kahise kaco mu gushigikira utwigoro tw’amahoro mu karere, twagize akamaro ku rugero kanaka.

Ubu, Kenya ihagarariye amasezerano y’amahoro yatumye intambara yari imaze imyaka ibiri mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia ihagarara. Ruto afise uruhara mu guhuza ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini vya Afrika vyacanyemwo cane kubera indyane z’akaranda zirangwa mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Kuva mu 2011, igisirikare ca Kenya gihanganye n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam, al-Shabab, mu gihugu kibanyi ca Somalia. Ikigo c’igisirikare ca Amerika kiri mu ntara ya Lamu iri ku nkengera y’ibahari cabaye inkingi y’ibi bikorwa vyo kurwanya izi nyeshamba.

Ubu bwizigirwa ni kirumara kuri Amerika iriko iraturatuzwa n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa, cane cane mu turere twa Afrika y’Uburengero, aho ingabo z’Uburengero ziriko zihatirwa gukuramwo akarenge.

Bizohindura iki?

Nk’incuti atari umunywanyi wa OTAN, Kenya izogira amahirwe yo kuronswa ibikoresho vya gisirikare vyo ku rwego rwo hejuru, inyigisho za gisirikare n’ingurane, mu rwego rwo kwongereza amafaranga akoreshwa mu gisata co kwivuna umwansi.

Hagati aho, Amerika si ngombwa ko itegerezwa guha Kenya ubufasha bwa gisirikare mu nzira itaziguye kandi Kenya ntitegerezwa kurungika ingabo mu bikorwa vya OTAN.

Nubwo al-Shabab igeramiye Kenya mu bitero vyayo bitari bike, amahera Kenya ishira mu gisirikare cayo ni make ugereranije n’ibindi bihugu bibanyi vy’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC).

Ibitero bito bito biramenyerewe ku rubibe rw’ibirometero 680 hagati ya Somalia na Kenya.

Al-Shabab iremanga ibitero bikeya bikomeye kandi vyihaye inkumbi muri Kenya, harimwo ico mu 2013 ku kigo c’idandarizo ca Westgate ku mugwa mukuru Nairobi, aho abarenga 70 bishwe.

Kuva mu ntango za 2024, al-Shabab imaze kwemanga ibitero vyababa 30 muri Kenya, nk’uko amakuru BBC Monitoring (igisata ca BBC kigenzura amakuru avugwa irya n’ino) yegeranije iyakuye mu binyamakuru vy’uno murwi avyerekana.

Ibi vyabaye cane cane mu ntara zo ku rubibe za Lamu, Garissa, Wajir na Mandera. Abenshi mu babiguyemwo ni abajejwe umutekano ba Kenya.

Mu gihe vyitezwe ko ingabo z’Ubumwe bwa Afrika zizova muri Somalia mu mpera z’uno mwaka, Kenya itegekanya kwongereza ingabo zayo ku rubibe.

Uruhara rwa Kenya mu buseruko bwa DR Congo rwabaye igipimo ku bushobozi bw’igisirikare cayo mu ngabo z’akarere z’ibihugu bigize EAC.

Irungikwa ry’izi ngabo ryabaye impfa*gusa kuko, mu mezi adashina icenda yonyene zamaze muri ico gihugu ca Afrika yo hagati, ibikorwa vy’inyeshamba vyabandanije vyiyongera.

Hagati aho, Amerika ibandanya ikoresha Kenya mu twigoro two gutorera umuti izi ndyane n’icuka kibi zitera.

Nubwo ivyo guhangana gisirikare bitaganiriweko, Perezida Ruto yiteze kuronswa kajugujugu 16 zahinguwe na Amerika hamwe n’imodoka z’intambara 150, ibishobora gutsimbataza cane ubu butumwa burongowe na Kenya.

Ubutumwa bwo muri Haiti

Mu gihe Kenya imenyereye ibikorwa vyo kubuganbunga amahoro ku rwego mpuzamakungu, harimwo no mu ntambara zo muri Sierra Leone na Liberia, Haiti ni igihugu itamenyereye.

Imirwi yababa 100 yitwaje ibirwanisho iragisibije i Port-au-Prince inyuma y’igandagurwa rya Perezida Jovenel Moise mu 2021. Umutekano muke watesheje izabo abababa 300.000 watumye umushikiranganji wa mbere Ariel Henry atanga imihoho muri uno mwaka.

Mu gihe ino mirwi yo muri Haiti irondera kwigarurira ubutaka, iri mw’ihiganwa ryo kwegeranya ibirwanisho. Vyinshi muri vyo biva muri Amerika, Repubulika ya Dominikani, Jamaica na Colombia.

Ishami rya ONU rijejwe kurwanya ibiyayuramutwe n’ubugizi bwa nabi ryasanze mu ntango z’uno mwaka ino mirwi yitwaje ibirwanisho itunze inkoho za Kalashnikov z’Uburusiya, AR-15 zahinguriwe muri Amerika, be n’iza Israel zo mu bwoko bwa Galil.

Ino mfashanyo ya Amerika ishobora gufasha igipolisi ca Kenya gisanzwe gifise ubukene bw’ibikoresho n’inyigisho mu kukironsa inkoho, imodoka z’intambara n’amasasu ahagije kugira gihangane n’ino mirwi.

Ibindi bihugu vya Afrika vyashizwe kuri uru rwego vyungutse iki?

Ukuba muri uru rwego rw’incuti idasanzwe ya Amerika atari abanywanyi ba OTAN kwaratsimbataje ibisirikare vya Tunisia, Maroc na Misiri.

Igisirikare ca Tunisia caradugije ubushobozi bwaco bimwe bidasanzwe kuva gishizwe muri uru rwego mu 2015, ivyajanye n’impinduka mu bijanye n’amafaranga n’ibikorwa vyaco.

Misiri, kimwe mu bihugu bifise ibisirikare bikomeye kw’isi, yashizwe muri uru rwego mu 1989 maze iba inkingi y’imigenderanire ya Amerika muri Afrika y’Uburaruko no mu Buseruko bwo Hagati.

Maroc yahungukiye ubumenyi budasanzwe mu kurwanya iterabwoba mu gihe inyeshamba z’umuhari wiyita Reta ya Kisilamu (IS) zirondera gushinga imizi mu turere twa Afrika y’Uburaruko.

Kuva mu 2007, iki gihugu gitunganya imyimenyerezo ya gisirikare ya mbere minini ku mugabane, yiswe “African Lion” (Intare ya Afrika).

Iy’uno mwaka irimwo ingabo 7000 z’ibihugu vya Afrika n’ivya OTAN zihabwa inyigisho zo kurwana.

Kubera iki Kenya ukwitwa incuti idasanzwe ya US itari muri OTAN/NATO ari kirumara ku mutekano w’akarere? - BBC News Gahuza (2024)
Top Articles
Latest Posts
Article information

Author: Merrill Bechtelar CPA

Last Updated:

Views: 6565

Rating: 5 / 5 (70 voted)

Reviews: 93% of readers found this page helpful

Author information

Name: Merrill Bechtelar CPA

Birthday: 1996-05-19

Address: Apt. 114 873 White Lodge, Libbyfurt, CA 93006

Phone: +5983010455207

Job: Legacy Representative

Hobby: Blacksmithing, Urban exploration, Sudoku, Slacklining, Creative writing, Community, Letterboxing

Introduction: My name is Merrill Bechtelar CPA, I am a clean, agreeable, glorious, magnificent, witty, enchanting, comfortable person who loves writing and wants to share my knowledge and understanding with you.